Wednesday 12 August 2009

Ikibazo c’amatongo kigiye kuva mu nzira

Nta numwe ayobewe ko ikibazo c’amatongo gisigaye ari inkoramutimu ku barundi batari bake. Aho mbere abahunguka bashikira mu matongo yabo, bashwana bimwe bikomeye n’ abasangwa atakindi bapfa atari amatongo yaze.

Muri komine Rumonge yo mu ntara ya Bururi, niho ico kibazo kimaze iminsi kiraje ishinga abatari bake mu bajejwe intwaro, aho bamwe mu bahungutse bashitse bihagira mu matongo bita ko arirwabo , ariko ubu akaba ari mu minwe ya reta.

Aha twovuga amatongo ya Piya Rububu yatanzwe kuri leta ya Bagaza mu mwaka w’1982 agahabwa abanyagihugu ngo bakore ibikorwa vyo kugwiza umwimbu. Ayandi matongo nayo akaba yahawe ishirahamwe OHP risamwe rirwiza umwibu w’igiterwa c’ikigazi.

Muri uku kwezi, izo ngorane c’amatongo zikaba zarateje utekano muke muri iyo komine ya Rumonge, mbere umwe mu bahungutse akaba yaratuririwe inzu yiwe n’ umurwi w’abantu bataramenyekana.

Ni muri iyo ntumbero rero leta y’uburundi yarungitse abashikiranganji batanu muri iyo komine ya Rumonge kugira ngo batorere umuti ico kibazo bidatevye.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ari kumwe n’ umushikiranganji wo Gushigikirana, Gutakukana Impunzi no Gusubiza Agateka Abagateshejwe, umushikiranganji Ajejwe Uwumutekano w’Abanyagihugu, umushikiranganji w’Uburimyi n’Ubworozi hamwe n’umushikiranganji w’Amazi, Amatongo n’Ibidukikije bararemesheje bongera barafata ingingo ziremesha kugira ngo abarundi bose biyumvemwo ko bari mu gihugu c’amavukiro.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Eduward Nduwimana ari nawe yari arongoye urwo rugendo yaramensheje ko intumbero ari iyo kurabirahamwe ingene abarundi bose boronka aho baba, abahungutse bakaronswa amatongo bashobora kurangurirwamwo imigambi y’iterambere. Akaba yabasavye gutenyenya gatoyi kugira ngo vyose bitunganywe neza, maze bose batunganirizwe.

Kubw’umushikiranganji w’Uburimyi n’Ubworozi, yaramesheje ko amatongo ya Piya Rububu, yari yatijwe abanyagihu ngo biteze imbere ariko ko yose akiri mu minwe ya leta. Ni co kimwe n’amatongo asanzwe arangurirwamwo imigambi ya OHP, nayo nyene ko ari mu minwe ya leta.

Yaboneyeho kumenyesha ko igigice kimwec’amatongo ya piya ruburu azohabwa abahunguka ahangana na hegitari 300 hamwe na hafi ya hegitari 500 azovanwa ku matongo ya OHP.

Iyo ngingo ikaba yafatiwe hamwe n’abashikiranganji bose uko bari batnu, mbere umushikiranganji wo Gushigikirana, Gutahukana Impunzi no Gusubiza Agateka Abagateshejwe Imaculée NAHAYO akaba yaramenyesheje ko ibirwati vy’amahoro bishasha bigiye kubakwa.

Akaba yadomyeko urutoke ic’i Busimba, Busekwa, Mutambara ya kabi (mu matonga ya Piya Rububu) hamwe n’i Makombe na Cabara. Akaba yaboneyeho gutera akamo abagiraneza basanzwe bafasha mu kw’ubakira abo bahunguka batagira aho baba, kugira ngo imvura ntitasure batararonswa aho bakika umusaya.

Ku ruhandwe rw’ubushikiranganji akaba yavuze ko bafasha mu gutanga ibisakazo hamwe n’imiryango ku bazoba bamaze kuduza impome.

Nayo umushikiranganji Ajejwe Amatongo, kaba yaramenyesheje ko amatongo agera ku mahegitari 1500, ariho kandi amaze kuboneka muri komine Rumonge. Akaba yararemesheje abo bahungu ko ata numwe azobura aho aba kuko leta yabatumyeko ngo bahunguke izi neza ko bazoronka aho bashikira.

Kubera ko hari bamwe mu bahungutse bagifise ubwoba bwo gukorana n’abajejwe umutekano, abanyagihugu bo mu Rumonge barashikirije amakenga bafise ku banyagihugu babazanira abasirikare iyo habaye kutumvikana.

Aho umushikiranganji ajejwe umutekano Alain Guillaume Bunyoni akaba yarabaremesheje yongera abasaba gukorana n’abajejwe umutekano babicishije ku bajejwe intwaro kugira ngo amahoro ariho ntahave atosekara kubera ubukene.

Yarongeye aramenyesha ko inzego zihari zabonetse bigoranye, none ko twozishimira mu gukorana kugira ngo twubake igihugu turi kumwe mu mutekano ntangere.

Nayo aboba bibaza ko abasirikare bisutse mu kibazo c’umutekano w’abanyagihu, uwurongoye intara ya gatanu ya gisirikare akaba yaramenyesheje ko aho ku mugera abanyagihu bishimiye igikorwa c’abasirikare, ari naco gituma bitavye akamo k’abarongoye abandi muri iyo komine kugira ngo umutekano ntuhave uhungabana.

Buramarati w’intara ya bururi akaba yarakengurukiye abo bashikiranganji bo bitavye ako kamo, akizera ko ayo matati hagati y’abahunguka n’abasanga agiye kuva mu nzira muri komine Rumonge.

Tubamenyeshe ko iyo nama yari yitabwe n’abayobozi bishikira muri ubwo bushikiranganji butanu bwegwa n’ico kibazo, abaserukira HCR mu ntara ya Bururi, abaserukira amashirahamwe afasha abahunguka, uwuserukira umurwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo mu Burundi, abaserukira abandi ku rwego rw’intara, ku rwego rwa komine hamwe no ku rwego rwo ku mitumba, abaserukira abandi mu ntwaramiheto no mu bajejwe umutekano mu ntara ya bururi.

Inama ikaba yarangi bose banezerejwe n’ingingo zahafatiwe.

No comments: