Monday 19 January 2009

inforama/ Weekly news /inkuru nyamukuru y' indwi yaraye irangiye

Inforama
I.Politique

1.Psdt Audience jt 15 00-20-46-24/00-22-20-17

Mu rugendo rwiwe yagiriye mu ntara z’uburaruko umukuru w’igihugu yarahaye umubonano nya cote d’Ivroire, Ferdinand BLECKA akaba n’umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abayapani rifasha Afrika. Umukuru w’igihugu aramnyesha ivyabereye mur’uwo mubonano.

Kurikire Umukuru w’igihugu

2. Audience Ier vice jt 16 00-21-04-24/00-22-39-16

Eka n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu mur’ino ndwi yarahaye umubonano intumwa idasanzwe ya Norvège hamwe n’intumwa y’igihugu c’Ububirigi mu karere k’ibiyaga binini.

Bavuganye ivyo gutsimbtaza amahoro n’iterambere.

Tega amatwi icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Yves SAHINGUVU

3. Déclaration Minisécurité jt 16 00-24-13-22/00-27-37-08

Mu ntumbero yo gutorera umuti ingorane zijnye n’umutekano muke wibonekeje mu mwaka uheze, umushikiranjanji ajejwe umutekano arashikiriza ingingo zigiye gushirwa mu ngiro mur’uno mwaka w’2009.

Alain Guillaume BUNYONI

4. Burundi Processus paix jt 16 00-17-18-09/00-20-28-18

Hano mu gisagara ca Bujumbura harakoranye mur’iyi ndwi irangiye inama yahuje abarongoye imùigambwe, amashengero, intimwa zidasanzwe zikora imirimo itandukanye,abaserukira ibihugu vyabo kugira barabe intambwe yo gukomeza amahoro n’umutekano aho bigeze.

N’inkuru ya Pascal BUTOYI







5. Destitution Admcom Kiganda jt 13 00-12-24-01/00-16-06-23

Ku mus iwa gatanu musitanteri wa komine Kiganda yarakombowe mu mabanga yiwe. Buramatari w’intara ya Muramvya Oscar NDAYIZIGA amenyesha atitaho iterambere ry’iyo komine.

6. Destitution Admcom Muramvya jt 13 00-16-30-12/00-18-10-07

Eka na Buramatari wa komine Muramvya nawe nyene yarahagaritwse mu mabanga yiwe bivanye no konona ikigega ca komine

Kurikire Buramatari Oscar NDAYIZIGA

7. NGENDANDUMWE/ Témoingage jt 15 00-03-32-14/00-06-17-11

Mu gihe haheze imyaka 44 uwahoze ar’umushikirangoma wa mbere Petero NGENDANDUMWE agandaguwe, umwe mu bagendanye n’uwo muhisi aramenyesha bimwe mu vyaranze uwo muhisi

Kurikire Piyo MASUMBUKO

8. Dossier judiciaire jt 15 00-23-09-18/00-25-54-21

Umunyamabanga mukuru wa sentare ntahinyuzwa yarahaye ikiganiro abamenyeshamakuru mur’iyi ndwi iheze ku bijanye n’imanza z’ishirahamwe interpetrol, abashingamateka batewe ama grenade hamwe n’ubwicanyi bwabereye i Muyinga no mu Gatumba.

Kurikire Eliya BATUNGWANAYO

Mu gisata kijanye n’ubutunzi

9.Psdt /Kayanza jt 13 00-06-20-10/00-09-50-17

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yaragendeye intara ya Kayanza aho yifadikanije n’abanyagihugu b’amakomine ya Gatara, Kabarore n’ikambi y’igisirikare gutera ibiti vy’ivyamwa birenga ibihumbi 3. Arashima ingene abanyagihugu bavyitavye.

N’inkuru ya Alexis Badian NDAYIHIMBAZE

10. Psdt/Kirundo jt 15 00-17-0-18-23/00-20-26-09

Eka no mu makomine ya y’intara za ngozi na kirundo nka Busoni,kirundo na Tangara nyene ben’ivyo biti vyarahatewe, umukuru w’igihugu akaba yagenda ahimiriza abo banyagihugu gukunda ibikorwa. Hakaba hatewe ibiti 6500.

Alexis Badian NDAYIHIMBAZE

11. Psdt Ngozi jt 16 00-12-11-01/00-14-50-15

Mur’urwo rugendo rw’umukuru w’igihugu i Ngozi nyene haratewe imivyaro yindi 3500. Yaboneyeho no kwakira abashitsi bari baje bava mu bihugu vya Buraya bifuza kuzana imitahe yabo hano mu Burundi.

Lin BIGIRIMANA

12. Psdt A.Nationale/Arbres jt 14 images voix off
00-25-03-17/00-25-26-01
Eka n’umukuru w’inama nshingamateka Piyo NTAVYOHANYUMA yaragendeye ama komine ya Rango na Butaganzwa y’intara ya Kayanza mur iwa mugambi wo gutera ibiti vy’ivyamwa. Nawe nyene mw’ijambo ryiwe ntiyibagiye guhimiriza abanyagihugu bari basidukanye n’iyonka kurabngura ico gikorwa.

13.2ème vice / BCB RUGOMBO jt 16 00-28-16-10/00-31-44-15

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gabriel NTISEZERANA arahimiriza abanyagihugu ngo bijukire kubika amafaranga yabo mu mabanki. Yabishikirije mu gihe yarahagarikiye ibikorwa vyo kugurura icese ibanki BCB muri komine Rugombo y’intara ya Cibitoke.

Goreth BUZUGURI

14. Minicommerce/Projets jt 15 00-26-19-09/00-30-17-23
Mu ntumbero yo kugwanya ubukene biciye mu kugwiza umwimbu, umushikiranganji w’ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi Euphrasie BIGIRIMANA yarashikirije imigambi izorangurwa mur’uno mwaka

Kurikire umushikiranganji




15. Psdt NGOZI jt 12 00-13-41-16/00-16-31-12

Petero NKURUNZIZA yaragendeye ikigo AFABED c’i NGOZI gifsha abana b’impfuvyi hamwe n’ishirahamwe TWITWARARIKANE rifasha abana n’abasaza bashika 1200. Aho hose umukuru w’igihugu yarabashikirije imfashanyo.

Alexis Badian NDAYIHIMBAZE

16. Psdt ITW jt 13 00-10-23-24/00-11-49-09

Mu gihe abafasha uburundi bobuhebera amafaranga bubafitiye,ayo mafaranga yoca afasha mu kurondera abigisha no kugwiza amashure.

Kurikire umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

16. Kirundo/Distribution Aides jt 16 00-15-20-00/00-16-43-07

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA aheruka kugendera intara ya kirundo aho yashikirije imfashanyo y’ibifungugwa abanyagihugu. Mu kirundo yahatanze amatoni 6 n’igice, i Busoni naho ahatanga amatoni 15.

Claude NIYONGABO
17. Ier vice/Muramvya/Aides jt 12 00-02-06-13/00-06-57-02

Biturutse ku ngorane zatewe n’imvura irimwo urubura, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Yves SAHINGUVU yaragarukiye ku banyagihugu bo mu ntara ya Muramvyaz aho yabagemuriye itoni 15 z’ibifungugwa ku miryango ishika 7500

Prosper NZEYIMANA

18.kibenga/Regideso jt 12 00-20-48-17/00-22-12-20

Ubusuma bw’utwango twugara utuzu tw’intsinga zitwara umuyagankuba muri Q. Kibenga haraciye hafi ukwezi abagizi ba nabi batwivye.

Mu gihe ishirahamwe Regideso ataco yokora intsinga ziri ku musozi ngo ntizobura kwiha ibara

Dominique NDAYIRAGIJE


19. Semaine Mère-Enfant jt 13 00-18-47-15/00-21-12-08

Igice ca kabiri co gucandaga abana ngo kigiye gutangura kuva kw’igehekerezo rya 26 Nzero gushika ku rya 29.

Ni mur’iyo ntumbero hatunganijwe hano i Bujumbura inama yahuje ba Buramatari n’abaganga barongoye inatara z’ubuvuzi kugira batangure guhimirizaabavyeyi ng bitabe ico gikorwa.

Pascal BUTOYI

Interntional

1.USA/Départ Georges Bush jt 13

Mu yavugwa mu mùakungu, Georges BUSH yararemesheje ikiganiro ku bamenyeshamakuru mu ntumbero yo gusezera mu gihe agiye gukorerwa mu ngata na Barack OBAMA kw’igenekerezo rya 20 za kuno kwezi.

Agiye yicuza ariko ku bw’abansi bakibangamiye Leta zunze ubumwe za Amerika no ku makosa yakorewe muri Irak.

Sunzu Didace.


2. Israel-Gaza jt 15

Indwano Israel iriko iragira muri Gaza irabandanya, ikaba imaze guhitana abantu barenga 1000 harimwo n’abana.

Didace SUNZU

No comments: