Monday 19 January 2009

Inkuru ku bijanye n'ikibanza gitegurirwa FNL. ni incamake ya TV

Ico kibanza ngo kizoshobora kwakira abagwanyi bashika 6000. Ibikorwa vyo kugitegura ngo vyategerezwa kurangira uno munsi nkuko twabimenyeshejwe n’uwusanzwe abirongoye. Igihe twahashika twasanze bariko barashiraho umuryango kugira ngo bazoshobore gucungera umutekano w’abazoba bahegeranirijwe. Ibindi bikorwa vya nyuma vyari ivyo kwubaka amashiga bazotekerako ibifungurwa vy’abo bagwanyi. Hirya no hino hubatse amahema y’abasirikare b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Africa bazocungera umutekano w’abo. Ayandi mahema nayo arimwo aba FNL bashika 153 harimwo abakenyezi 2, bose bakaba baherutse kurekurwa bava mw’ibohero rya Mpimba. Uzungurutse muri ayo mahema urabona ko n’amagara yabo yitwararitswe kuko hose hari imisegetera.
N’aho rero ibikorwa vyagenze neza, ikibazo co kubaka utuzu twa surwumwe kiraraje ishinga kuko ico kibanza gisanzwe gifise amazi menshi bica bituma batimba hare hare ; mu minsi mike naho n’ivyubatswe bigasambuka.
Kuva ejo rero abagwanyi 2000 ngo boronka aho baja atangorane. Icegeranyo c’ivyakozwe ngo kikazoshika ejo mu mugwi ujejwe gushira mu ngiro amasezerano kugira abagwanyi batangure kwegeranywa muri ico kibanza ca Rubira.

No comments: